Murahawe ikaze kuri Wikipediya mu rurimi rw'Ikirundi!
Nimwisanzure mu gusoma no gutanga ivyiyumviro unakosore ivyanditswe Gushika ubu dufise inyandiko 650 mu rurimi rw'Ikirundi. |
Afrikaans · Akan · አማርኛ · Bamanankan · Chi-Chewa · chiShona · chiTumbuka · Ɛʋɛ · Fulfude · Gĩkũyũ · هَوُسَ · Ìgbo · isiXhosa · isiZulu · Kinyarwanda · Kiswahili · Kongo · Lingala · Luganda · Malagasy · Oromoo · Sängö · seSotho · Sesotho sa Leboa · Setswana · SiSwati · Soomaaliga · ትግርኛ · Tshivenda · Twi · Wolof · Xitsonga · Yorùbá
Intara ya Rumonge n'imwe mu ntara 18 z’Uburundi.
Rumonge, nk'intara, ihana imbibi n'intara ya Bujumbura mu majaruguru, intara ya Makamba mu majepfo, intara ya Bururi mu burasirazuba yamara mu burengerazuba, intara ya Rumonge ihana imbibi na Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
Ku rundi ruhande, intara ya Rumonge ni imwe mu zo mu Burundi ziherereye ku nkombe z'ikiyaga ca Tanganyika, kandi ifite icambu cakira amato ava mu bihugu nka Tanzaniya, Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Malawi na Zambiya.
Rumonge ni kamwe mu turere two mu Burundi dufite ubutaka bwimbuka cane. Hano hari imisozi, ibiyaya, inzuzi na Tanganyika.
Ikirere ca Rumonge kirashushe kandi kigakanya bisanzwe. Ubushuhe buri hagati ya dogere selisiyusi 18 na 33 ukabona impuzandengo y'imvura ya mm 800 kugeza 1200 kumwaka. Hamwe n'imvura yizewe, abarimyi barashobora kurima no kwimbura. Imvura itangira muri Gitugutu ikarangira muri Rusama.
Igihe c'impeshi kigeze (Ukwakira kugeza Gicurasi), amazu canke amashure bikunze gutwarwa n’imvura y’umwuzure mu turere dutandukanye tw’intara ya Rumonge, ariko kandi n’ibiti bifata insinga z’umuyagankuba wa REGIDESO.
Igihe c'urushana gikurikirwa n'igihe c'izuba arico twita igihe c'ici. Ici ritangura cane cane muri Ruheshi kugeza muri Nyakanga aho dusanga haba hari izuba ryinshi. Ntahonsigaye (ikiyago) 19:11, 30 Ndamukiza 2023 (UTC)
This article uses material from the Wikipedia Ikirundi article Urupapuro nyamukuru, which is released under the Creative Commons Attribution-ShareAlike 3.0 license ("CC BY-SA 3.0"); additional terms may apply (view authors). Content is available under CC BY-SA 4.0 unless otherwise noted. Images, videos and audio are available under their respective licenses.
®Wikipedia is a registered trademark of the Wiki Foundation, Inc. Wiki Ikirundi (DUHOCTRUNGQUOC.VN) is an independent company and has no affiliation with Wiki Foundation.