Ubugeni Bw'aho Hambere

Ubugeni ni umusore n'inkumi bakundana maze bakumvikana maze bagahuriza hamwe iciyumviro co kubakana, bakagira urubanza(Fête), bagatumira umuryango,incuti n'abagenzi hakaba ibirori maze inyuma yivyo birori umuhungu n'umukobwa bakibanira akaramata

Ukuntu Ubugeni bwa kera canke bwaho hambere uko bwaba bumeze

Rero ubugeni bwa none buratandukanye n'ubugeni bwaho hambere,tugiye turaraba neza, Abahungu bakera hageze ko bubaka benshi baronderegwa abagore naba Se.Ariko abubu umuhungu n'umukobwa barishimanira  bakavugana maze umuhungu n'umukobwa bakemezanya ivyo kugira ubugeni.Rero nagomba kuvuga kubijanye n'ubugeni bwa kera canke bwaho hambere uko vyagenda.

Aho hambere

Aho hambere Umuhungu yarabona ko ageze kurongora maze akabimenyesha Se ko ageze kurongora maze Se ataco bimubwiye Umuhungu yacatangura kuza arataha ijoro Hama Se amaze kubibona akaza aramutuka maze Umuhungu akamwishura ati Erega Ndageze gusohoka.Vyarashika uwo muhungu akaja mw'itongo ry'ibitoke agaca ibihunda bitaruma neza,akabijana mu ziko kwa se na nyina akacana igikoni kikuzura imyotsi,niho se yaca amenyako umuhungu ageze kurondererwa umugore.

Bimaze kugeraho Se w'umuhungu yarabaririkiza ko mu karere abayemwo ata nkumi yoba igeze kubaka amaze kubura yaca arondera uwo bita Umuranzi, Yar'umugore ahumuye Kandi azwi mu Karere.ahandi naho Se w'umuhungu yarashobora kwegera Umuhungu akamubaza ko ataho yoba yarashimye kugirango aje ku musabira iyo Umuhungu ataho aba yarashimye niho Umuranzi yacaja kumurehereza.

Ahandi naho Se w'umuhungu yarashobora kuzana umukobwa akamushira mu nzu y'umuhungu wiwe maze wa Muhungu atashe akamusanga munzu Umukobwa yiteguye haraho Umuhungu yacayiruka ngo yatewe ahandi Akaca yemera bakararana arinaho bagira bati Naka yarongoye.

Iyo Umuhungu yirehereje barabiyaga n'umukobwa bakishimanira maze wa Muhungu agaha Uruvugano wa mukobwa amaze kurutora yaba amwemereye ntiyaba agisubiriye kumubenga.

Iyo ivyo vyose biheze Se w'umuhungu yaronse iyo aja gusabira Umuhungu wiwe yaritegura akaja Gusaba Irembo iwabo n'umukobwa kuko yamusabira irembo imbere yuko Amukwera.Rero ico gihe uwari Umuranzi yaraja gusaba indagano yuko bo bonana Bamwana na Se w'umuhungu,kuko caba ari naco gihe co kubonana rero iyo urwo rugo baba bari mu ruhimbi bavuga izina ryuwo bashaka gusaba kugira ngo ntibazohave batanga uwo badashaka,Bararondera Inzoga(Bière de la banane) 2 canke 3 zo kuvugirako ijambo.

Se w'umuhungu yasanga bamuteguriye Intebe y'umukwe. Mu gihe bamaze kubazimana Se w'umuhungu yaratangura akavuga ijambo ryo gusaba Irembo Hama Se w'umukobwa akamwishura rero iyo bamushimye barabaherekeza bakabatekerera n'umubindi wa 3 wo kw'ivuna akanyota.Iyo bamwanse hoho no kumuherekeza ntibamuherekeza.

Iyo Se w'umuhungu ahejeje gusaba Irembo bakamwemerera Se w'umukobwa na Se w'umuhungu baca bavana bavuganye umunsi wo gukwa Hama vyose bikaja mu mwiteguro.

Iyo rero ivy'inkwano bimaze gutungana Abantu rero baraheza bakitegura maze bagahava bakaja gusaba, Bararungika Indagano barikumwe na Bamwana bakarondera Abikorezi,hanyuma bakazirema umutwe inka ikazigendera imbere yimirijwe n'umushingantahe w'Igicocoro,haraba n'umuntu ayigira imbere akagenda arayihamagara.

Bashitse Kwa Bamwana baratuma Intumwa yo kubatangira Bwakeye no gusaba ko Bobakira.Ico gihe abiwabo n'umukobwa baba bateguye ivyicaro n'inzimano vy'umukwe. Bitunganye barabakira bakabereka ivyicaro.

Urubanza

Abashingantahe bakuru Imbere Abapfasoni n'abaje bikoreye inyuma.

Baca babazimana Bakabazanira Umukwata w'Inzoga n'imikenke idaciye Epfo na Ruguru iri ku nkoko Nziza Ivyo babibaha imbere yuko baterekera.

Bagejeje Aho Se w'umukobwa yarakura Se w'umuhungu bagasoma ubwambere hagasubira Abashingantahe mu nyuma bagasukira ku nzato Abagore n'abaje bikoreye,Banyoye bagejeje hagati nyene urubanza yarafata akanya kuko ijambo ryo yaba arisanganywe, Hama amajambo akavugwa na Se w'umuhungu na Se w'umukobwa bakumvikana, hakagera  n'ijambo ryabo mu muryango ayo majambo amaze guhera niho babona kuzimana ibijanye n'Imfungurwa,Se rugo akabona kubaterekera ndetse nuwazanye inka akabona gusaba Akuki kuka Inka.

Akuki kuka Inka kahabwa uwakoye Inka Kandi karengukanwa n'Abagore bamaze kuja Mungo,iyo ubuki butabonetse Bararondera inzoga iryoshe cane y'inzira mazi yahabwa Abagabo nta Mukobwa ataraja mu Rugo yayinywa.

Haheze ibirori vyo gukwa hakwirikira ivyo bita Gusasirwa Ibirago canke guterekerwa navyo ukuntu vyagenda Se w'umukobwa yatumako Se w'umuhungu nawe akarondera abamuherekeza bagizwe n'abagabo b'indya munyu bazi gutumbereza neza ijambo.

Bashitse Basanga babateguriye igitereko n'imyuhiro yaco maze bakakiganirirako ndetse bagahana n'isango ryo kurekura Umugeni akava mu Ruhimbi.

Ibijanye n'icuma ca Nyina w'umukobwa nica Musaza w'umugeni ,ivyo bene Umuhungu babirungika Ubugeni bwabaye,Ababangutse babirungika mu minsi irongora Gushingira.

Mu majambo rero yavugwa yari nayabayabaye kuko ahanini kwari ukwiginana.Iyo baje bwije nokurara bararara mugihe co kuzinduka barasezera ninaho babaha Akuki kuka Inka.

M.N: Umwami canke Umuganwa ntiyaja Gusasirwa Ibirago yatuma Abapfasoni yizeye akaba ariba baja kumuserukira.

Iyo Guterekerwa biheze barasohora Umugeni canke kwarika Umugeni rero Inkumi iri mu kuja kwubaka ,barayigabaniriza ibikorwa Kandi bakayigaburira neza arabatunzi b'Inka baramukamura Amata akanywa bakamugaburira utwokurya tworoshe bakamwengera inzoga y'Impeke akayinywa ikiri Igisama bakamutekera Inyama.

Ivyo vyose kwari ukugira azogende asa neza ntatukishe Urugo avuyemwo. Niyo ashitse baramwitwararika kugutinya Umugayo.

Igihe co kumuha Inkono kigeze yaba amaze amezi atatu canke arenga atitekera bompi be n'umugabo batekerwa na Inabukwe,bakazomuha Inkono yiwe bamaze kubana yamenyereye. Nk'akarorero aje barimye ibiharage vy'Impeshi canke vy'Agatasi, yatangura kwitekera aruko ivyo barimye vyeze.

Muyandi majambo bamuha Inkono bamaze kwimbura.

Uko Niko Ubugeni bwaho hambere bwagenda kuva kuntango gushika aho Umukobwa ashika mu Rugo.

Ubwoko bw'Inkwano:

-Inka: Ku Bami n'Abaganwa bakwa Iraro ry'Inka uwukenye yatanga Inka Cumi.

Hama kandi kubatunzi binka barakwa Inka zibiri canke zirenga.

-Amasuka atandatu,Impuzu,Intama zibiri canke zirenga,Imiringa,Amapfundo y'ubuna canke y'ubudede,inyerere,n'ibindi bintu vy'agaciro: Izo nazo zari Inkwano zabadafise Inka.

-Inanga,Inkono,Inaga: Izo nazo zari Inkwano zaba nyarucari bakenye cane izo nazo zatanga kenshi Abatwa.

Izo zari Inkwano zaho Hambere

INKOMOKO

Tags:

🔥 Trending searches on Wiki Ikirundi:

UburundiYezu KirisituMichel MicomberoUburusiyaGatandatuMisiriBogotáAa trilobulataBujumburaImbataUbugeni bw'aho hambereNoheliIkinyarwandaMpanda, GihangaIndwara y’IgitiguBerlinNeymarAa hartwegiiDereköyIraniMoscouGahaheMichael JacksonKubandwaUbukweAgasumo ka MwaroMain PageAgahungaremaGihungweKanyamanzaEsipanyeAmataVladivostokIjanaKrakówPortugalZurichKiseperantoSaint-PétersbourgTanzaniyaDanemarkFinilandeGuhahamukaLeta z’Unze Ubumwe za AmerikaRurubuNouvelle-ZélandeUbutariyanoVille de Saint-MarinNovossibirskNigoziLos AngelesCenda🡆 More