Ikirimba C'umwami I Burundi

U Burundi bwatwagwa n'intwaro ya cami kuva mu kinjana ca 15 gushika aho hatangarijweko u Burundi bugiye gutwagwa n'intwaro rusangi(Repubulika) kw'igenekerezo rya 28 munyonyo igihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo itandatu na gatandatu (1966).

Ku ntwaro ya cami,Umwami wese yaragira imirwa mikuru mikuru (Mbuye,Bukeye,Kiganda,Muramvya,Humure) mu gihugu cose.Imirwa mikuru yariri cane cane mu ntara ya Muramvya.Igihe cose mumpera y'umwaka, harategugwa ibwami umusi mukuru w'umuganuro,muriwo harabamwo nakaryo kadasanzwe ko kwambaza kiranga kubaje bava mu karere ka gishora ndetse nabaje bava mubundi burere bw'igihugu.

Ikirimba C'umwami I Burundi
Ingoro y'Umwami.

Ingoro y'umwami

Ku kirimba c'umwami, hariho ingoro y'umwami bwite.Icayitandukanya nizindi ngoro zari i bwami,nuko iyo ngoro y'umwami yari yubakanye ubuhinga budasanzwe kurusha izo zindi.Muri make ingoro y'umwami yari ifise ibibanza bitatu imbere, bitandukanye kandi bitangana.

Ikibanza ca mbere citwa Intangaro ( iki naco cabikwamwo ingoma)

Ikibanza ca kabiri ari naco cari kinini gusumba ibindi citwa ingoro.Kuntwaro ya cami ico kibanza cari kigenewe abantu biteka cne.

Ikindi kibanza ari naco canyuma citwa Ikigo (iki naco cari inyuma)

Ibwami kandi hariho ingoro yagenewe Abakevyi (indaro ya rugabo),ndetse hariho kandi n'ibigega bashinguramwo ivyimburwa.

Imbere yuko ushika i bwami ,hari ikibanza ca bose wabanza gushikiramwo citwa ku Nama.Ico kibanza nico umuntu yabanza kurindiriramwo imbere yuko yakirwa i bwami.

Ingoma ya karyenda

Karyenda yari ingoma yubashwe cne kuntwaro ya cami kuva mu mwaka w'igihumbi kimwe n'amajana ane na mirongo itanu(1450). Igihe umwami NTARE RUSHATSI wa mbere (1) yashika ku butegetsi ,Karyenda nico kintu cambere yatanguye gushiraho agiheza kwimikwa.

Karyenda yari ikozwe mugiti kibajwe neza citwa Umuvugangoma.Umwami yayifata nk'ikimenyetso kidasanzwe c'intwaro yiwe.Ntamuntu yararekuriwe kuyibona kiretse Umwami gusa.Karyenda yasohoka mu kibanza cayo mugihe co kwimika umwami mushsha ndetse nokumusi mukuru w'umuganuro.Nukuvugako yaja ahabona kuri ivyo bihe bibiri gusa.

Ingoma ya Rukinzo

Icatandukanya ingoma ya Karyenda n'ingoma ya Rukunzo nuko ingoma ya Rukunzo yaja hanze iminsi yose mu gihe ingoma ya Karyenda yo yaja hanze kabiri gusa nkuko twabibonye aho haruguru.Ingoma ya Rukinzo yama ivuzwa iminsi yose mu gatondo kugirango ivyure Umwami ndetse n'abandi bantu baba i bwami.

Aha twobamenyeshako kandi ko ingoma ya Rukinzo ko yarijejwe guherekeza Umwami mu ngendo zose yakora mu gihugu yararongoye.

Ingoro y'ingoma

Ingoro yabikwamwo ingoma i bwami yarifise icumba kimwe gusa.Ingoro y'ingoma yabikwamwo ingoma ziteka zibiri arizo zitwa Ruciteme na Murimirwa.Izo ngoma mukuzishingura barazubakira agasenge imbere mwiyongoro,maze mukuzishingura bakazirabisha mugishimaryango mugihe izindi ngoma bazikikamika mukuzibika .Ruciteme na Murimirwa nizo zonyene zategerezwa kuraba mu gwinjiriro gwiyo ngoro y'ingoma.

Abavuzi b'ingoma bava mu burere butandukanye baraza i bwami bazanye izindi ngoma baza barazivuza ku munsi mukuru w'umuganuro.Aha twobibutsako ingoro y'Ingoma ko yari yubatse nk'ingoro y'umwami ariko ntivyangana mu bunini.Ingoro yUmwami niyo yari nini cane.

Ingoro y'Abakevyi

I bwami hariho ingoro yagenewe abakevyi.Iyo nayo yari yubatswe nkizo zindi ngoro twavuze aho haruguru ariko nta bisharizo yari yisangije twayisangamwo imbere.Tubibutseko Abakevyi bari bajejwe gutegura infungurwa ibwami,nibo bibera mwiyo ngoro nyene.

Ingoro ya Kiranga

Ku Kirimba i bwami ,hariho ingoro ya Kiranga.Muri ico gihe ,Kiranga yarafise igikorwa kidasanzwe kuko niwe yari umuhuza hagati y'Imana n'abantu bose.Iyo umuntu agize ikintu kitagenda neza mu buzima bwiwe ,yategerezwa kuza gusaba Kiranga ngo amusabire ku Mana gutyo bibone kugenda neza.

Aha twotanga uburorero nk'ingo zabura uruvyaro,abapfisha inka cane,abakobwa bateba kuronka abagabo,Imiryango yakunda guterwa n'intezi ndetse nizindi ndwara zivyaduka.......Muri make abanyagihigu mu gusenga bategerezwa guca kuri Kiranga kugirango abasabire ku Mana ivyo bifuza vyose.

Ibigega

Ku kirimba i bwami kandi hariho ibigega.Ibigega navyo ico vyafasha ,vyari bijejwe gushingura ivyimburwa vyimburwa ibwami. Muri make ivyimburwa vyose vyimburwa i bwami vyategerezwa gushingurwa mu bigega.

Tags:

Ikirimba C'umwami I Burundi Ingoro yumwamiIkirimba C'umwami I Burundi Ingoma ya karyendaIkirimba C'umwami I Burundi Ingoma ya RukinzoIkirimba C'umwami I Burundi Ingoro yingomaIkirimba C'umwami I Burundi Ingoro yAbakevyiIkirimba C'umwami I Burundi Ingoro ya KirangaIkirimba C'umwami I Burundi IbigegaIkirimba C'umwami I BurundiBurundi

🔥 Trending searches on Wiki Ikirundi:

PigazzanoIsatoRumongeRomeUmucungweIshengero ry'ukuri rya YesuGoogleYezu KirisituDomitien NdayizeyeBurundi BwacuTampereUbudagiLuigiIsasuIshirahamwe MpuzamakunguTrpinjaIProvense ya KirundoKwamana ubwoba wicura abansi n’ibikugirira nabiAbdominea minimifloraNoheliUmukenyeziIkigabane ca 3UbugirikiCumi na indwiMoscouIbiyayura umutweGastrochilus minimiflorusAa achalensisVenezuelaArgentineAgasumo ka MwaroUrupapuro nyamukuruIngomaNouvelle-ZélandeGihangaUmunaniLeta z’Unze Ubumwe za AmerikaIkigabane ca 12Adolphe NshimirimanaIgitokeMadridMuyagaCendaAbakuru b'igihugu c' UburundiUbufaransa🡆 More