Be n'igifaransa, ikirundi ni ururimi rwemewe n'amategeko kandi rukoreshwa mu gihugu c'Uburundi. Ururimi rw'ikirundi turusanga ruvugwa mumpande zose z'igihugu c'uburundi. Ikirundi gishaka gusa n’ikinyarwanda (mumvugo no munyandiko), ururimi rw’Abanyarwanda, kigashaka gusa kandi n’igiha be n'igihangaza, indimi zivugwa muri Tanzaniya cane cane kumbibe ivyo bihugu bihana. Ikirundi nirwo rurimi kama ruvugwa mu Burundi, rukavugwa mumpande zose z'igihugu c'Uburundi.
Ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi zo muri afrika bantu. Rwubatswe n'amajambo kama be n'amajambo yatiwe muzindi ndimi zibanyi nk'igiswahiri be no mu ndimi z'abakoroni (igifaransa n'ikidagi) rukagengwa n'amategeko y'indimburo. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'ikiratini. Co kimwe n'izindi ndimi, kumenya kuvuga ikirundi, kucandika, kugitahura be n'indimburo vy'ikirundi bisaba kuvyiga.
Inama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi muri Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.). Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ngizi ingingo zapfunditswe n’iyo nama:
|
|
|
Muramenye:
Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.
Uturorero: inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke
Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.
Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.
Irivúga ni ijāmbo ryērékana kamére, umugămbi cânké igikórwa.
Ingéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, máze ayo majāmbo abiri agasāngira inyîtāngizo. Ingéreká ziri ubwôko buné:
1.Ingéreká ndôndōzi irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana akarānga kâryo. akarorero:inkoni ndende.ndende ni ingereka ndondozi . 2.Ingéreká kabazá irāngūra izína igerétswekó mu kurirōnderera insígūro itōmôye bícīye mu kubáza. Akarorero: Amavuta maki?.maki ingereka kabaza. 3.Ingéreká ntāntígiri irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana ukó ibīntu bīngána aríko itádomyé urutoke ku gitígiri.Akarorero:Yazanye amavuta menshi.menshi ni ingereka ntantigiri. 4.Ingéreká rutānyá irāngūra izína igerétswekó mu kuvângūra icó iryo zína ryērékana n’íbïndi.
Ra. Ne.: 1.Ingéreká ikuríkiye inshōzi, irivúga, insígarirazína cânké akăndi kajāmbo kadahīndúka, iguma arí ingéreká igihe bibonéka yûkó igerétswe kw’īzína. Akarorero: Uyu mugabo ni munini(munini ni ingereka) 2.Ingéreká irashóbora kuvámwó ingereka-nsígarirazína, ingéreká-zína canké irivúga mvângéreká
Insígarirazína-ngéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, aríko ayo majāmbo abiri ntăsāngire inyîntāngizo. Iyó insígarirazína-ngéreká isigáriye izína igerétswekó ica icîka insígarirazína.
1.Insígarirazína muvugwá: ni ijāmbo risigárira uwuvúga, uwubárirwa, cânké ikivúgwa.
a.Izĭrebānga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína, ndēnde cânké ngúfi.
b.Izifátanye n’írivúga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína.
Ra. Ne.: Ntā nsígarirazína-ngéreká muvugwá ibáhó.
2.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rugená: ni ijāmbo rigenékereza izína rigerétswekó.
3.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína nsānîsha: ni ijāmbo ryērékana isâno rirí hagáti y’íbīntu bibiri, icó rigerétswekó hamwé n’íkïndi.
4.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína satūngá: ni ijāmbo ryērékana nyené ibīntu n’îsâno afitániye n’íbīntu vyîwé.
5.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra: ni ijāmbo ryērékana ukó ibīntu bīngána ríbicīshije ku gitígiri cânké ku guhárūra.
6.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra gatōndēsha murōngo: ní ijāmbo ryērékana ikibănza ikīntu giheréreyemwó mu rutŏnde rufatíye ku guhárūra.
7.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína kabazá: ni ijāmbo ryērékana ibīntu ivyó arí vyó, ahó bibarízwa canké ukó bīngána ríbicíshije mu kubáza.
8.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína ntatānyá: mu rudênde, ni ijāmbo ryerékana ikīntu kitagabánije cânké kirí mu murōngo w’íbïndi; mu bwĭnshi, ni ijāmbo rikorániriza mu mugwi umwé ibīntu rirāngûra.
9.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rutānyá: ni ijāmbo rifatira ibīntu bimwé ukwāvyó ibĭndi ukwāvyó.
Inshōzi ní ijāmbo rimezé nk’írivúga aríko ridashobóra guhâdikirizwa.
Indôngōrazína ní ijāmbo ryāmá rírōngōye izína kăndi rikērekana ikibănza.
Sahwānyá ní ijāmbo rihwānyá amajāmbo asāngíye ubwôko cânké ingīngo zibiri mu ryŭngāne. Ziri ubwôko butatu:
1.Sahwānyá isāngânya: ihwānyá amajāmbo cânké ingīngo zisāngíye ubwôko cânké zifitániye isâno ryā kárāngûra.
2.Sahwānyá ihitîshamwó: yērekana yûkó bahitámwó ikīntu kimwé murí bibiri.
3.Sahwānyá y’ámadĭdāne: yērekana yûkó bakēkéreza, atā nyíshu itōmôye bashobóra gutânga.
Intūmbūzi ní ijāmbo ritūmbûra icîyumvīro c’írivúga, c’îngéreká, c’însígarirazína cânké c’íyïndi ntūmbūzi. Ziri ubwôko indwi:
1.Intūmbūzi y’íkibănza
2.Intūmbūzi y’ígihe
3.Intūmbūzi y’úkugéne
4.Intūmbūzi y’úkūnganya cânké y’încúro
5.Intūmbūzi y’úkubáza
6.Intūmbūzi y’úkwëmera
7.Intūmbūzi y’úguhakana
Inkébuzo ní ijāmbo rikorêshwa mu gukébura uwó mugānira.
Gatăngāzi ní ijāmbo umūntu avugá kugíra ngo aserúre akamúbakiye ku mutíma, arí ukunêzērwa, ugushīma cânké ukugaya.
Gakŭmbānya ní ijāmbo ryīgâna ukó ibīntu bigēndá aríko mū mvúgo ipfunyápfunye kăndi y’ínshushānyo, ukamēngo uravyîbónera cânké uravyîyúmvira.
This article uses material from the Wiki Ikirundi article Ikirundi, which is released under the Creative Commons Attribution-ShareAlike 3.0 license ("CC BY-SA 3.0"); additional terms may apply. (view authors). Content is available under CC BY-SA 4.0 unless otherwise noted. Images, videos and audio are available under their respective licenses.
#Wikipedia® is a registered trademark of the Wiki Foundation, Inc. Wiki Ikirundi (DUHOCTRUNGQUOC.VN) is an independent company and has no affiliation with Wiki Foundation.